Wednesday, March 29, 2023
HomeNewsGitega: Igitero ca gerenade cahitanye abantu babiri hamwe n-abandi benshi bakomeretse.

Gitega: Igitero ca gerenade cahitanye abantu babiri hamwe n-abandi benshi bakomeretse.

Abantu bagera kuri babiri bishwe mu gitero ca gerenade  cakozwe mw-ijoro ryo kuri uyu w-Imana ku murwa mukuru wa politike Gitega. Abandi bantu bataramenyekana igitigiri barakomeretse. Ico gisasu ntezwa ntoki catewe abanyagihugu bagizwe ahanini n-abanywanyi b-umugambwe CNDD-FDD uri k-ubutegetsi bari mu bunywero.Province Gitega - Province Gitega added a new photo.

Nk-uko tubibwirwa n-abakomerekeye  mw-ico gitero, ubunywero bwatewe  buri ku masanganzira y-amabarabara  Gitega-Ngozi-Muyinga. Ubwo bunywero  bukaba buri ku mutumba Rutegama , muri komine n-intara ya Gitega. Ayo makuru  abandanya avuga ko ico gitero cakozwe  ku banyagihugu bariko bagira umusi mukuru wo kwinjira  ibiro vy-umutumba , nkuko bivurwa  n-uwatowe aho nyene.

Inyuma y-ico gitero, abantu benshi baciye batangura guhagarikwa  n-igipolisi hamwe n-isakwa ry-imihana yegereye ubwo bunywero , nkuko bishikirizwa  n-ababibonye.

Tubamenyeshe koi co gitero kibaye inyuma yicabaye mw-ijoro ry-uwa gatandatu rishira uw-Imana ku kibuga c-indege ca Bujumbura . Ico gitero kikaba cemanzwe  n-umuhari RED-TABARA, umuhari wiyemeje kurwanya Leta y-uburundi ukoresheje ibirwaisho.

Must Read