Abantu bagera kuri babiri bishwe mu gitero ca gerenade cakozwe mw-ijoro ryo kuri uyu w-Imana ku murwa mukuru wa politike Gitega. Abandi bantu bataramenyekana igitigiri barakomeretse. Ico gisasu ntezwa ntoki catewe abanyagihugu bagizwe ahanini n-abanywanyi b-umugambwe CNDD-FDD uri k-ubutegetsi bari mu bunywero.
Nk-uko tubibwirwa n-abakomerekeye mw-ico gitero, ubunywero bwatewe buri ku masanganzira y-amabarabara Gitega-Ngozi-Muyinga. Ubwo bunywero bukaba buri ku mutumba Rutegama , muri komine n-intara ya Gitega. Ayo makuru abandanya avuga ko ico gitero cakozwe ku banyagihugu bariko bagira umusi mukuru wo kwinjira ibiro vy-umutumba , nkuko bivurwa n-uwatowe aho nyene.
Inyuma y-ico gitero, abantu benshi baciye batangura guhagarikwa n-igipolisi hamwe n-isakwa ry-imihana yegereye ubwo bunywero , nkuko bishikirizwa n-ababibonye.
Tubamenyeshe koi co gitero kibaye inyuma yicabaye mw-ijoro ry-uwa gatandatu rishira uw-Imana ku kibuga c-indege ca Bujumbura . Ico gitero kikaba cemanzwe n-umuhari RED-TABARA, umuhari wiyemeje kurwanya Leta y-uburundi ukoresheje ibirwaisho.