NEWS

Gitega : Abagandaguye umuntu bunyamaswa baciriwe urubanza

By

on

Sentare nkuru y’igihugu ya Gitega mu rubanza rwiikibiriraho yaraye iciriye umunyororo w’ubuzima bwabo bwose abitwa Dushime Éloge,Arakaza Gentil Elvis, Irakoze Pacifique, hamwwe na Nshimirimana Jean Marie.

Abo bose baciriwe urwo rubanza ku caha co kwica bunyamaswa kandi babiteguye uwugendesha ipikipiki yitwa Ntezicimpa Bede.

Uwitwa Hakizimana Éric nawe yagirizwa kubika imoto yibwe yaciriwe umunyororo w’impaga w’umwaka umwe.

Tubibutse ko uwo NTEZICIMPA Bede yahora akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ipikipiki yagandaguwe bunyamaswa, acibwa n’ibihimba vy’irondoka, n’ipikipiki akoresha iribwa.