NEWS

Giheta: Abanyagihugu Bariyamiriza Uguhagarikwa ‘Kudaciye Mu Mategeko’ Ku Banywanyi B’Amizero Y’Abarundi.

By

on

Abo banyagihugu bo muri Commune Giheta mu ntara ya Gitega bavuga ko umunywanyi wa FNL ya Agathon Rwasa wo ku mutumba Bwoga muri Commune Giheta afunzwe kuva kuri uyu wa kabiri itariki 13 Ruheshi 2017.

Uyo afunzwe yitwa Lin Nduwayezu,akaba afungiwe mu Gasho k’igipolisi i Giheta,nkuko amakuru ava mu gipolisi co muri iyo commune abimenyesha.

Nkuko tubikesha igipolisi,uyo muntu afunzwe hamwe nabandi babiri bahagaritswe itariki 12 Ruheshi 2017 barahamagawe kugira bisigure kubera bugaye ibararabara rya Bujumbura-Gitega,kandi bakongera bakaba bariko bakurikiranwa kubera bafise impusha zo kugendesha imodoka(Permis de Conduire) za magendo.Ariko abanywanyi b’Urunani Amizero y’Abarundi bo kuri uyo mutumba Bwoga ntibashimishwa nizo nsobanuro ziva mu Gipolisi.

Umukuru w’urwaruka rw’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD niwe adomwako urutoke nabanyagihugu bo mu Bwoga muri iyo Commune ya Giheta.Akaba yagirizwa kuba akora urutonde rwabanyagihugu bari mu runani Amizero y’abarundi kugira bahagarikwe.

Bamwe mu bayoboke ba Rwasa Agathon,ubu ari icegera ca mbere c’Inama Nshingamatema, barafise ubwoba bwuko bashobora guhagarikwa.Bakaba basaba igipolisi kureka gukoresha n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi babadodobereza maze ugasanga barahohotewe.

Hafi mu gihugu nka cose,abayoboke ba Rwasa Agathon ntiborohewe.Bamwe n’abandi ngo nugutinya ijunja rya Rwasa Agathon mu matora ya 2020.

Ariko rero uko ibintu bibandanya biba nabi mu vyubutunzi,biragaragara ko ubu Abanyagihugu batari bake boshima kubona ko ubutegetsi bwohinduka.Ariko rero uwuza adashigikira ubutegetsi buhari ubu akaba atoroherezwa.