NEWS

Gihanga:Umukuru W’Imbonerakure Yaburiwe Irengero Ryiwe!

By

on

Inyuma yaho imbonerakure yagirizwa gukora amabi ku musaga iburiwe irengero ryiwe mu kwezi turangije,ubu naho mu ntara ya Bubanza muri Commune Gihanga hari uwundi munywanyi wa CNDD-FDD aserukira imbonerakure muri iyo Commune yaburiwe irengero ryiwe.

Uwo yaburiwe irengero ryiwe yitwa Pasteur Hakizimana batazira CIZA, yari uwuserukira imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD muri Commune Gihanga mu ntara ya Bubanza.Akaba yaburiwe irengero ryiwe itariki 9 Ruheshi 2017.Amakuru ava ngaho i Bubanza akamenyesha ko uwo yaburiwe irengero ryiwe yanyurujwe n’abantu batazwi bari mu modoka ifise ibiyo udashobora kubona ibiri imbere(Vitres fumées).

Bamwe bo mu muryango wiwe bavuga ko ata makuru bakironka kuri we kuva uwo musi wa gatanu 9 Ruheshi 2017.Bakamenyesha ko telefone yiwe izimije kuva aburiwe irengero ryiwe.Bakaba basaba ko bomenya aho afungiwe.Ni umuntu agira kabiri aburiwe irengero ryiwe inyuma yo kubura irengero ry’umunywanyi wa FNL ya Rwasa Agathon wo ku mutumba Rubira,commune Mpanda mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi.Eric Nturandekura akaba yanyurujwe itariki 22 Rusama 2017.

Amakuru ava kandi mu gihanga akamenyesha ko umwe mu mu banyuruje Pasteur Hakizimana yahagaritswe maze ubu akaba afungiwe mu gasho ka Zone Kamenge mu gisagara ca Bujumbura.Umuryango wabuze uwabo ukaba usaba ko yokwimurirwa i Bubanza kugira bifashe Ubutungane gukora amatohoza ku vyerekeye inyuruzwa ryiwe.

Mu misi yahera,Uwahoze ari mu mugambwe CNDD-FDD Leonidas Hatungimana yamenyesheje ko Leta ‘yoba ifise umugambi wo kurangiza abakoreshejwe mu gukora amabi kugira ntibazohave bavuga ukuri kwivyabaye’.Ivyo yabivuze inyuma yaho imboberakure yo kumusaga yaburiwe irengero ryiwe.

None vyoba arivyo biriko biraba ivyo Leonidas Hatungimana yavuze?Nivyo kurabira hafi,na cane cane ko izo mbonerakure zasabwe ‘kwiyubara abantu boza babasaba kugira uruhara mu bikorwa bibi’ kuko bazobibazwa n’Ubutungane mvamakungu.

Recommended for you