NEWS

Gihanga: Umukuru W’Imbonerakure Yibazwa Ko Yanyurujwe Ni Muzima.

By

on

Umukuru w’imbonerakure muri Commune Gihanga mu ntara ya Bubanza,Pasteur Hakizimana Batazira Ciza,uwo umuryango wiwe wari wamenyesheje ko yanyurujwe bivanye nuko yaburiwe irengero ryiwe, yasubiye kuja ahabona,ubu akaba ari mu minwe y’igipolisi.

Nkuko umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, abimenyesha, Pasteur Hakizimana ni muzima,akaba ari mu gipolisi kugira akingirwe “inkozi z’ikibi “zagomba kumugandagura.Abantu babiri mu bagirizwa gushaka gukora ubwo bwicanyi bakaba barahagaritswe.

Pierre Nkurikiye, Umuvugizi w’Igipolisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igipolisi akaba ahumuriza umuryango wa Pasteur Hakizimana,ko vuba azosubizwa mu muryango wiwe.

Amakuru kandi ava mu bapolisi bamwe bamwe avuga ko bari abantu babiri bo muri Village ya gatandatu muri Commune Gihanga bashaka kugandagura Pasteur Habimana, ariko uwateguye uwo mugambi mubi, nawe si uwundi akaba ari umu chauffeur w’igendereza ry’Uburundi(SNR) ntiyashatse kumwica naho yari yamaze guhabwa amafaranga imiliyoni zibiri y’amarundi, nkuko bari bumvikanye nabo boshize uwo mugambi mu ngiro.

Uriko wihweza ibintu womenga ni wa mugambi Leonidas Hatungimana aheruka kumenyesha ko ‘Leta ishaka kwikurako abohava bavuga ukuri bivanye nuko bakoreshejwe mu gukora amabi mu Burundi’ igihe borengutswa imbere y’Ubutungane mvamakungu.

Recommended for you