NEWS

Gihanga : Imodoka yari yariko yunguruza abasirikare b’Uburundi yaguye mu mutego

By

on

Abasirikare batatu b’Uburundi barishwe, abandi bagera kuri batanu barakomereka mu mutego w’abantu bitwaje inkoho wabaye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana.

Abo bitwaje ibirwanisho bategereye imodoka y’igisirikare c’Uburundi yo mu bwoko bwa Pick Up yariko yunguruza abo basirikare, ikaba yategerewe igeze kw’ibarabara rya Bujumbura – Cibitoke, muri komine Gihanga, intara ya Bubanza.

Muri uwo mutego, abasirikare batatu baciye bitana Imana aho nyene, abagera kuri batanu barakomereka. Abakoze ico gitero baciye bahungira mw’ishamba cimeza rya Rukoko, amakuru dufise akaba avuga ko abo basirikare bariko biyunguruza baza mu ntara ya Cibitoke, bariko berekeza mu gisagara ca Bujumbura.

Recommended for you