NEWS

Gihanga : Abantu 500 birukanwe mu mazu bahora babamwo

on

Imiryango yirukanywe ku musi w’Imana muri zone Kagaragara yaciye ija kuba ku biro vya zone Buringa muri komine Gihanga, intara ya Bubanza.

Abantu baharurwa mu majana atanu nibo birukanywe bagirizwa ko bihaye igice c’itongo, hafi y’ishamba cimeza rya Rukoko.

François Bahaminyakamwe, umugabo w’imyaka 46 yemeza ko yavukiye muri ako karere kandi ko ayo matongo yamye ari ay’umuryango wiwe.

Abo bantu birukanwe bari mu bukene butagira izina kuva birukanwa. Bavuga ko ata mfashanyo n’imwe bararonka. Musitanteri wa komine Gihanga yarabagendeye atako arabaharura.

Léopold Ndayisaba, Musitanteri wa komine Gihanga amenyesha ko abo bantu birukanywe n’abasirikare, mu gihe nawe atariho yari ari, ivyo bikaba bihushanye n’ivyari vyamenyeshejwe ubwa mbere.

Musitanteri wa Gihanga yabwiye iyo miryango ko komine ataco yobafasha ariko ko agiye kubishikiriza abamukurira.

Abirukanywe bamenyesha ko abasoda basavye iyo miryango ko yosambura amazu yabo imbere yo ku musi wa gatatu. Abirukanywe ubu ntibobona ico bari bukore, mu gihe batinya ko batazoshobora kwimbura imirima yabo yari yimirije kwera.

Recommended for you