NEWS

Gianni Infantino yongeye kwizigirwa ngo arongoye ishirihamwe FIFA

By

on

Ayo matora akaba yabaye kur’uyu wa gatatu akaba yabaye mu gukoma amashi nkuko amategeko avyemera. Gianni Infantini akaba yahiganwa wenyene mur’iyo nama ya FIFA igira 69 yabere mu gisagara ca Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Akazotwara iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose gushika mu mwaka w’a 2023.

Gianni Infantino akaba yatanguye gutwara FIFA mu mwaka wa 2016 asubiriye Sepp Blatter yagirizwa kurya ruswa mur’iryo shirahamwe. Ivyatumye asubira kwizigirwa akaba arukubera yatunganije neza cane atangorane zihabaye ihiganwa ry’Igikombe c’isi yose m’Uburusiya cabaye mu mwaka wa 2018, akaba yarazanye amakamera kugira abasifuzi baze bararaba ko batihenze mu guhagarikira inkino, akaba kandi yaragwanije ruswa bimwe biboneka mw’ishirahamwe FIFA, amahera FIFA nayo yinjiza akaba yariyongereye ava ku miliyaridi 4,6 aja ku miliyaridi 6,4 y’amadolari y’abanyamerika.

Amashirahamwe 211 y’umupira w’amaguru kw’isi akaba yaramwemeje yose. Imigambi nayo afise ngo n’ugushiramwo abakenyezi mur’iryo shirahamwe aho bavuye kubice 4 kw’ijana baja kubice 20 kw’ijana, akaba kandi yifuza kongereza imirwi nserukira b’ibihugu izohiganirwa Igikombe c’isi yose ikava ku 32 ikaja ku 48.

Recommended for you