NEWS

Gerenade zibiri zatewe ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge

By

on

Umutekano wahungabanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge, muri karitiye ya Nkayamba, ahatewe Gerenade zibiri, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Izo Gerenade zatewe nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu z’ijoro, mw’ibarabara hagati n’abantu bataramenyekana, zikomeretsa umugore yariko ararengana.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza yatanguye kugira abateye izo Gerenade bamenyekane, bashikirizwe ubutungane.

Recommended for you