Uwahoze ari umutegetsi mu biro vy’iperereza ry’uburundi, Gérard Ndayisenga azwi kandi nkuwakubaguye umunywanyi w’umugambwe CNL, Matata Augustin agahava yitaba Imana, ntakirangwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kuwa gatandatu uheze. Inyuma yo kuboneka mu kenshi Ndayisenga yitwara mu Mpimba nk’umunyororo yigenga, Bivugwa ko abakozi bo mw’iperereza aribo baje kumusohora maze kuva ico gihe ntiyagarutse.
Mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI nabone baremeza ayo makuru. Bakamenyesha ko ibiriko biraba vyerekana ko ubutungane bw’uburundi butigenga na gato. Jean-Claude NTIBURUMUSI ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri ACAT BURUNDI ati:« …ukwo kurekurwa akamera nk’uwidegemvya, bitwereka yuko ubutegetsi bwari bumushigikiye kandi si agaseseshwarumuri buramushigikiye ni ukuvuga ko bunashigikiye nivyo yakoreye umunywanyi w’umugambwe CNL yagandaguwe. Ikigaragara nuko tukiri kure y’ubutungane bwotunganirije abarundi bose kubera ufata umuntu akamwica bikagaragara bikaboneka bamureka akidegemvya kubera ari umuntu ari hafi y’ubutegetsi»
Tubamenyeshe ko Gérard Ndayisenga yahagaritswe muri Kigarama 2021 maze yinjizwa ibohero rya MPIMBA yagirijwe ko ari mubaboreje igufa mu biro vyo mw’iperereza umunywanyi w’umugambwe CNL, Augustin MATATA maze birangira asandavye kubera amahiri menshi yakubiswe n’uwo mutegetsi yakorera mu biro vyo mw’iperereza.