Thursday, June 8, 2023
HomeNewsGérard NDAYISENGA yahoze ari umutegetsi mw'iperereza nta kibarizwa mw'ibohero rya Mpimba.

Gérard NDAYISENGA yahoze ari umutegetsi mw’iperereza nta kibarizwa mw’ibohero rya Mpimba.

Uwahoze ari umutegetsi mu biro vy’iperereza ry’uburundi, Gérard Ndayisenga azwi kandi nkuwakubaguye umunywanyi w’umugambwe CNL, Matata Augustin agahava yitaba Imana, ntakirangwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kuwa gatandatu uheze. Inyuma yo kuboneka mu kenshi Ndayisenga yitwara mu Mpimba nk’umunyororo yigenga,  Bivugwa ko abakozi bo mw’iperereza aribo baje kumusohora maze kuva ico gihe ntiyagarutse.No photo description available.

Mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI nabone baremeza ayo makuru. Bakamenyesha ko ibiriko biraba vyerekana ko ubutungane bw’uburundi butigenga na gato. Jean-Claude NTIBURUMUSI ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri ACAT BURUNDI ati:« …ukwo kurekurwa akamera nk’uwidegemvya, bitwereka yuko ubutegetsi bwari bumushigikiye kandi si agaseseshwarumuri buramushigikiye ni ukuvuga ko bunashigikiye nivyo yakoreye umunywanyi w’umugambwe CNL yagandaguwe. Ikigaragara nuko tukiri kure y’ubutungane bwotunganirije abarundi bose kubera ufata umuntu akamwica bikagaragara bikaboneka bamureka akidegemvya kubera ari umuntu ari hafi y’ubutegetsi»

Tubamenyeshe ko Gérard Ndayisenga yahagaritswe muri Kigarama 2021  maze yinjizwa ibohero rya MPIMBA yagirijwe ko ari mubaboreje igufa mu biro vyo mw’iperereza umunywanyi w’umugambwe CNL, Augustin MATATA maze birangira asandavye kubera amahiri menshi yakubiswe n’uwo mutegetsi yakorera mu biro vyo mw’iperereza.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...