NEWS

Général Godefroid NIYOMBARE yoba yishwe

on

Général Godefroid NIYOMBARE yigeze kuba ari somambike w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ariko mu nyuma akagerageza gutembagaza ubutegetsi bwiwe kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, yoba yiciwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu ntango z’uku kwezi kw’icenda. Ayo makuru y’iyicwa rya Général Godefroid NIYOMBARE avugwa mu gihe hari ayandi avuga ko yoba ari mu gihugu ca Kenya, aho yahungiye.

bare

Kuva ugutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA kuburijwemwo, Général Godefroid NIYOMBARE yahungiye mu kibanza kitigeze kimenyekana, akaba kandi yabaye mu gacerere gatuma igendereza ry’Uburundi ryamurondera ridashora kumenya aho ari.

Ayo makuru y’iyicwa rya Général Godefroid NIYOMBARE, ariko ataremezwa n’abamwegereye, avuga ko yarasiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2016.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.