NEWS

Général Cyrille yarengutse mu butungane atagira uwumufasha kuburana

By

on

Urubanza rw’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA rwumvirijwe kuri uwu wa mbere mu gisata ca gasamburamanza ca Sentare ntahinyuzwa, mu ntara ya Gitega. Abanyororo n’ababunganira kuburana basavye sentare gusubiramwo urubanza rwaciriwe abakurikiranwa n’ubutungane, urwo rubanza rugasubira kuburanishwa bushasha.

Abarengutse muri Sentare kuri uwu wa mbere bose hamwe ni 17 bari baciriwe umunyororo wo guherayo, bakaba bari baherekejwe n’abababafasha kuburana, kiretse General Cyrille Ndayirukiye atari afise uwumufasha, aho naho akaba yabwiye Sentare ko yomusubiza uburenganzira bwiwe bw’ukurondera abamufasha kuburana.

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bakurikiranwako ivyaha vyo kwica abasirikare n’abaporisi,guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho, kwonona no gusambura inyubakwa.

Urubanza rwabo rwaciwe bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abaporisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye, Juvenal Niyungeko batazira Kiroho, Zenon Ndabaneze na Hermenegilde Nimenya. Bose baciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel, Capitaine na Major baciriwe urubanza rw’ugupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.

Umurwi wa gatatu ugizwe n’abasirikare n’abaporisi bato bato, bamwe bari abagendesha imiduga yunguruza intwazangabo mu gisirikare, abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa General. Abo baciriwe urubanza rw’ugupfungwa imyaka 5.

Umurwi wa nyuma ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo General Prime Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano na colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Hagabimana Richard.

Urwo rubanza rwashizwe mu mwiherero, ingingo Sentare izoba yafashe ikazomenyeshwa mu kiringo c’imisi 30, nk’uko amategeko y’Uburundi abitegekanya.

Recommended for you