NEWS

Général Celestin Ndayisaba n’abandi basirikare bakuru batatu bafashwe n’igiporisi

By

on

Igiporisi c’Uburundi cahagaritse kuri uwu wa gatandatu abakukuruke bane bo mu gisirikare c’Uburundi bo ku rwego rw’intwazangabo. Imiryango y’abo bafashwe imenyesha ko itabwiwe igituma abo bahoze mu gisirikare c’Uburundi bafashwe, bakaba batazi n’aho batwawe gupfungirwa.

Abatawe muri yompi ni Général Celestin Ndayisaba batazira “Kibadashi” akaba yafatiwe ku rugo rwiwe ruri muri karitiye ya Kinanira 2, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Abandi bafashwe ni Colonel Gunungu, Colonel Nahigombeye aba muri karitiye ya 6 muri zone ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na Colonel Niyonkuru yafatiwe nawe nyene ku rugo iwe ruri muri karitiye ya INSS zone ya Ruhero, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.

Imbere y’uko bafatwa, abo bahoze mu gisirikare c’Uburundi basatswe, ariko akaba ata kirwanisho cafatiwe ku ngo zabo.

Imiryango y’abafashwe imenyesha ko itabwiwe igituma bafashwe, ikaba kandi itanabwiwe aho bajanwe gupfungirwa.

Amakuru ikinyamakuru UBM News gifise avuga ko abo bahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi boba bahagaritswe bagirizwa ko bari mu bagandaguye umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE yishwe mu mwaka w’1993. Ayo makuru avuga kandi ko hari n’urundi rutonde rw’abategetsi bakuru bahoze mu gisirikare c’Uburundi baza guhagarikwa nabo.

Ni inkuru tubandanya kubatohoreza, tukayigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Recommended for you