Tuesday, March 28, 2023
HomeUbutunziGélase Ndabirabe yemeza ko ifaranga ry’uburundi rifise agaciro naho hari abavuga ko...

Gélase Ndabirabe yemeza ko ifaranga ry’uburundi rifise agaciro naho hari abavuga ko ryataye agaciro.

Umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi yemeza ko ifaranga ry’uburundi rifise agaciro naho hari abantu bamwe hamwe n’amakungu bavuga ko yataye agaciro bimwe bidasanzwe. Daniel-Gelase Ndabirabe yabivugiye mu ndwi iheze mu ntara ya Kayanza muri komine ya Matongo aho yavuga ko abarundi n’amafaranga yabo ahagaze neza cane kuko bashobora nko kwigurira inyama batarigera bakubita ijisho idorare rya Amerika canke ayandi mafaranga mvamakungu.

“… kuba abo mu karere baza kugura ibintu mu Burundi , bakagenda batwaye n’igitoro, ni ivyerekana ko agaciro k’ifaranga ry’uburundi kari hejuru , si karya bavuga!,… ni ivyo abazungu baharura kugira bame badupfukamye mu ntege” Niko umukuru w’Inama nshingamateka yavuze.

Uwo arongoye urwego rutora amategeko n’ayandi mabwirizwa vy’igihugu yongeyeko yerekana ivyemeza ko ifaranga ry’uburundi rifise agaciro kuko ngo abarundi bashobora kwigurira inyama kandi batarigera bakubita ijisho idorare rya Amerika canke ayandi mafaranga mvamakungu. Ndabirabe yagize ati :”…None wewe urabona ifaranga ry’idorarery’abanyamerika? wewe nturya akanyama?nta rukwavu urya?”

Abize ivy’ubutunzi banegura iyo mvugo ya Gelase Ndabirabe kuko itaribereye kuvurwa nk’umuntu nk’urya kuko irimwo ukutamenya ukwo ibijanye n’ivy’ubutunzi bigenda vyifata na cane cane ukwo amafaranga y’igihugu igihe ata agaciro hamwe nikiba cabitumye. Ikindi babona nuko Uwo mutegetsi yari kugira ico avuze ku bibazo bidasanzwe bihanze ubutunzi bw’uburundi :iduga ry’ibiciro ku rugero rwo hejuru, ikena ry’amafaranga y’agaciro, ibura ry’ibidandazwa bimwe bimwe bisigaye ari nk’umuzi w’ibuye kugira biboneke mu gihugu c’uburundi.

Must Read