Thursday, June 8, 2023
HomeNewsGelase Ndabirabe yagiriza abarundi bo muri diaspora bahora mu Burundi ko bari...

Gelase Ndabirabe yagiriza abarundi bo muri diaspora bahora mu Burundi ko bari mu bazanye ku bwinshi Covid-19.

Umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gelase Ndabirabe asaba abashingamateka kwipimisha ikiza ca Covid-19 n-imiburiburi gatatu mw-iyinga. Daniel-Gelase Ndabirabe atewe ubwoba n-umurindi udasanzwe w-ico kiza kigezeko mu gihugu ndetse no murwego arongoye. Yemeza ko abarundi baba hanze y-igihugu bari muri diaspora baheruka mu gihugu mu kwezi guheze aribo bazanye ku bwishi uwo mugera.Daniel Gelase Ndabirabe yagiriza abashingamateka bo muri CNL gushigikira  abaheruka gutera amagerenade I Bujumbura. - UBM News |United Burundian  Media| Amakuru agezweho y'abarundi

Daniel-Gelase Ndabirabe   yahanuye abashingamateka  n-abandi bakozi bakorera mw-urwo rwego ko bo kwipimisha  cane Covid-19 incuro zishoboka. Yabivuze  kuri uyu wa mbere igihe hariko hemezwa itegeko rizogenga uruja n-uruza rw-abantu mu Burundi.

ˮTwarabivuze incuro nyishi, turongeye turabisubiramwo, abashingamateka bose hamwe n-abakozi bakorera ngaha , bandanya mwipimisha . Ntimurindire ko mubanza kwibonako ibimenyetso ko murwaye. Koresha ibipimo hamwe n-imiryango yanyu, himiriza kandi n-ababanyi banyu agashoboka baze bipimishe kuko ni kuri gusa, nt-amahera bazobaka!‟ Niko Gelase Ndabirabe yavuze.

Umukuru w-inama nshingamateka yemeza ko abarundi basanzwe baba hanze y-igihugu bari muri diaspora igihe baheruka mu gihugu bafashije cane irandagata ry-umugera wa Covid-19 mu mihingo itandukanye igize igihugu c-uburundi.  Daniel-Gelase Ndabirabe yavuze uku: ˮ Reka ndabivuge, hariho abantu tuheruka kwakira mw-iy-iminsi . Abantu bo muri diaspora. Baje ku bwinshi hano iwacu. Hariho abandukije iki kiza ku miryango yabo . Imiryango yabakiriye. Ni nabo bavyivugiye  bongera baranasaba ikigongwe mw-iyo miryango bashikiyemwo bandukije‟  

Tubamenyeshe ko mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi haba mu bisagara canke no mu misozi  hibonekeza abantu benshi barwaye Covid-19 ku buryo mu bitaro bimwe bimwe nk-ivyo mu ntara za Ngozi na Kirundo vyararengewe  n-ibitigiri vy-abarwaye ico kiza. Naho biri uko, ingingo zafashwe kugira abantu bikingire ico kiza nta nimwe biboneka ko ziriko zishirwa mu ngiro.                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                  

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...