Umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gelase Ndabirabe asaba abashingamateka kwipimisha ikiza ca Covid-19 n-imiburiburi gatatu mw-iyinga. Daniel-Gelase Ndabirabe atewe ubwoba n-umurindi udasanzwe w-ico kiza kigezeko mu gihugu ndetse no murwego arongoye. Yemeza ko abarundi baba hanze y-igihugu bari muri diaspora baheruka mu gihugu mu kwezi guheze aribo bazanye ku bwishi uwo mugera.
Daniel-Gelase Ndabirabe yahanuye abashingamateka n-abandi bakozi bakorera mw-urwo rwego ko bo kwipimisha cane Covid-19 incuro zishoboka. Yabivuze kuri uyu wa mbere igihe hariko hemezwa itegeko rizogenga uruja n-uruza rw-abantu mu Burundi.
ˮTwarabivuze incuro nyishi, turongeye turabisubiramwo, abashingamateka bose hamwe n-abakozi bakorera ngaha , bandanya mwipimisha . Ntimurindire ko mubanza kwibonako ibimenyetso ko murwaye. Koresha ibipimo hamwe n-imiryango yanyu, himiriza kandi n-ababanyi banyu agashoboka baze bipimishe kuko ni kuri gusa, nt-amahera bazobaka!‟ Niko Gelase Ndabirabe yavuze.
Umukuru w-inama nshingamateka yemeza ko abarundi basanzwe baba hanze y-igihugu bari muri diaspora igihe baheruka mu gihugu bafashije cane irandagata ry-umugera wa Covid-19 mu mihingo itandukanye igize igihugu c-uburundi. Daniel-Gelase Ndabirabe yavuze uku: ˮ Reka ndabivuge, hariho abantu tuheruka kwakira mw-iy-iminsi . Abantu bo muri diaspora. Baje ku bwinshi hano iwacu. Hariho abandukije iki kiza ku miryango yabo . Imiryango yabakiriye. Ni nabo bavyivugiye bongera baranasaba ikigongwe mw-iyo miryango bashikiyemwo bandukije‟
Tubamenyeshe ko mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi haba mu bisagara canke no mu misozi hibonekeza abantu benshi barwaye Covid-19 ku buryo mu bitaro bimwe bimwe nk-ivyo mu ntara za Ngozi na Kirundo vyararengewe n-ibitigiri vy-abarwaye ico kiza. Naho biri uko, ingingo zafashwe kugira abantu bikingire ico kiza nta nimwe biboneka ko ziriko zishirwa mu ngiro.