NEWS

GASUTWA: Abantu 20 ntibashobora gusubirira abanyamugambwe bose

on

Bonaventure GASUTWA umuvugizi w’umugambwe UPRONA utemewe mu bushikiranganji bw’intwar yo hagati mu gihugu,amenyesha ko ikurwa mu mugambwe rya Charles NDITIJE ridashoboka kuko iyo ngingo yafashwe n’abatabifitiye uburenganzira.

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA urongowe na Chares NDITIJE yavuze ko abantu 20 bateye umukono kw’ikete rikura umukuru w’umugambwe badashobora gusubirira abanyamugambwe bose ari nabo bashinga inzego.

Charles NDITIJE yakuwe n’itangazo ryateweko umukono n’icegera ciwe mu burngzi bw’umugambwe UPRNA utemewe n’amategeko kw’igenekerezo rya 24 Nzero umwaka wa 2017,bamawagiriza ko atitaba imibonano itumwako n’umuhuza Benjamin Mkapa.

Charles NDITIJE aheruka guhindura umuvugizi w’umugambwe akuye Tatien SIBOMANA ashiraho Bonaventure GASUTWA.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.