NEWS

Gaston Sindimwo ahamagarira abanyepolitike bahunze gutaha

By

on

Mugihe yariko aragendera amaradiyo akorera i Bujumbura ariyo radiyo Isanganiro na radiyo nderagakura, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, yamenyesheje ko abamenyeshamakuru bofasha kugira amatora yo mu 2020 azogende neza. Gaston Sindimwo akamenyesha ko muri kahise hari ibimenyeshamakuru vyakokeje, agasaba ayo maradiyo yagendewe ko ivyo bitosubira ko bokora mu ntumbero yo gukomeza amahoro.

Kukibazo co gutaha kw’impunzi z’abanyepolitike bariko barabisaba ko boza mu matora yo mu 2020, Gaston Sindimwo avuga ko bahawe ikaze mu gihugu cabo ko kandi ariyo politike ya leta yo gutahukana impunzi. Leta ikabasaba ngo kuza badasubiza inyuma igihugu. Kubiganiro navyo vyahagaze, Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu avuga ko abahunze bobanza gutaha hama bakumvirizwa. Akamenyesha ko hari nabandi bamaze gutaha kandi uwobabwira basubireyo batosubirayo.

Ku kibazo c’urunani CNARED casize ahabona icifuzo co gutahuka kugira bitabe amatora yo mu 2020, Gaston Sindimwo avuga ko mu guhunga batabagishije inama akabasaba gutaha kugira bumvirizwe nkuko abandi barundi nk’amadini n’abandi bumvirizwa bakumva ico bagona. Kubafise imitahe yo mu b’ubutungane nabo, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu avuga ko ubutungane bukora kuri bose abari mu gihugu n’abari hanze yaco, arasaba ko atanumwe yorenganywa.

Recommended for you