NEWS

Gakara: Amatoni 25 Y’Ubutare Bwa Mbere Bwasohotse Igihugu.

on

Ishirahamwe ry’Abongereza ryimba Ubutare ryitwa Rainbow Rare Earths riheruka gusinya amasezerano na Leta y’Uburundi yo kwimba Ubutare budashoka bwibonekeza(Terres Rares) mu gihugu c’Uburundi mu gace ka Gakara.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Mining Projects, iryo Shirahamwe Rainbow Rare Earths rikaba ryaciye riba irya mbere mu kwimbura ubutare budashoka bwibonekeza, bumwe muri bwo bukaba bwavuye mu Burundi.

Kubera ko ago gace ka Gakara mu Burundi karimwo ubwo butare bwinshi kurusha hose kw’isi, iryo Shirahamwe ry’Abongereza Rainbow Rare Earths ryamenyesheje ko ryimbuye amatone 25 y’ubwo butare mu Burundi maze buca butera bujanwa mu gihugu ca Kenya.

Rainbow Rare Earths rikaba ryamenyesheje ko agace ka Kabezi na Gasagwe nako kariko karacukurwamwo ubwo butare.

Ubwo butare budashoka bwibonekeza(Terres Rares) bukaba bukenerwa cane ku masoko mpuzamakungu mu bijanye n’uguhingura imiduga ikoresha umuyagankuba, ibijanye no gutuma tumanako amakuru hamwe no mu bijanye no kwivuna abansi.Ivyo biratuma ubwo butare bukenerwa kw’isi cane.

Recommended for you