NEWS

Gabriel Rufyiri Asaba Ko Itegeko Rishiraho Ivyo Guterera Amatora Ryokurwaho.

on

Leta y’Uburundi yarashizeho ku wa 11 Kigarama 2017 itegeko nshikiranganji rishiraho ingingo nyobozi ituma abanyagihugu baterera amatora y’umukuru w’igihugu ya 2020. Ariko rero, bamwe baribaza ukuntu abanyagihugu bazoterera amafaranga ya Leta ikoresha mu mwaka ku bice 100% bongere batange amafaranga afasha mu matora.

Ico nico gituma Gabriel Rufyiri, (arongoye Ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya Ugusesagura no Kunyonora amatungo ya leta),n’abandi, babona ko itegeko nshikiranganji rishiraho ibijanye no guterera amatora ya 2020 ryokurwaho, maze agahamagarira abanyagihugu kutarikurikiza. Naho biri uko, muri ico candiko casohowe kivuga ko guterera amatora bikorwa « ata gahato ».

Gabriel Rufyiri, asanzwe aharanira intwaro ibereye, amenyesha ko mwa kino gihe abanyagihugu bakenye cane ku buryo batosabwa ngo baterere amatora, maze akaba yamenyesheje ko iryo tegeko nshikiranganji rije ritajanye n’ibwirizwa-shingiro, kandi ko ari « ubusuma bwateguwe », nk’uko abimenyesha.

Rufyiri yamenyesheje RFI ko « ababaye », maze amenyesha ko Ishirahamwe arongoye OLUCOME rizokwitwarira Uburundi mbere no mu makungu, maze akaba yahamagariye Abarundi kudatanga iyo ntererano, iyo avuga ko ari nk’ « ikori ryinyegeje » mu gihugu gikenye cane mw’isi. Akaba asaba ko iryo tegeko nshikiranganji ryosubizwa inyuma.

Recommended for you