Gabriel RUFYIRI abona ko ibikorane vy-amasengesho biguma bitunganywa biza kugumiza uburundi mu bukene.
Ntibitahuritse ingene inzego zose za Leta zitegekwa kuja mu bikorane bitunganywa n-umugambwe CNDD-FDD, ni mugihe igikorwa kijanye no gusenga gifise abagitorewe. Bivurwa na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, ryishinze kurwanya ibiturire hamwe n-abanyuruza amatungo ya Leta. Uwo arongoye OLUCOME arongera akanamenyesha ko n-igihugu kihatariza amafaranga arenga imiriyoni amajana ane zo mu mafaranga y-amarundi.
«ibintu bijanye n-ibikorane ni vyiza cane. Twese turemera neza yuko abantu bakwiye gusenga . Ica kabiri hariho nk-abantu Imana yatoranije gukora uyo murimo, Abo nabo ni aba twita abakorera mana aribo ba pasitori, abasenyeri, abapadiri, aba Imam n-abandi. Ni abantu batorewe uwo mwuga bakawigura. Igihugu naco nivyiza cane ko gishira Imana imbere kuko nta kibi na kimwe kirimwo. Rero, umusi umwe wo kugira igikorane dufate muri week-end kuwa gatandatu no kuwa mungu ni baza ko ari vyiza na vyone kuko abantu baragira umwanya wo kwigaya . Mugabo gufata igikorane kikaba nkuko umenga vyahindutse akazi kabo ka misi yose , sinibaza yuko ivyo biri muvyo abatwara bajejwe.» Niko Rufyiri asigura, hari kuri radiyo ijwi ry-abanyagihugu RPA.
Gabriel RUFYIRI avuga ko bidatahuritse kubona nk-igikorane caheruka kuba mu mpera z-umwaka w-2021 cari catunganijwe n-umuryango w-umukuru w-igihugu hakongerako ikindi c-imisi itatu caraye kibereye mu ntara ya Gitega gitunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD, agasigura ko uburyo bwinshi buhatikirira aha akavuga nk-ibitoro imiduga ya Leta inywesha hamwe n-ubuzi bwa Leta buca buhagarara. Ikindi avuga, nuko yasanze amafaranga arenga imiriyoni amaja ane z-amarundi arizo zikoreshwa mw-ivyo bikorane vyama vyatunganijwe n-abategetsi harimwo n-indongozi z-umugambwe CNDD-FDD.
Kubwa Gabriel RUFYIRI, amenyesha ko ata nahamwe ivyo bikorane vyoshikana igihugu mu gihe inzego zose zitegekwa guterera amafaranga kandi igihugu c-uburundi kiri mu vyambere bikenye kw-isi. Akibutsa nyabuna abategetsi b-uburundi ko bari bakwiye gushira imbere ibikorwa maze uburundi n-abarundi bakaja ku rugero rw-ibindi bihugu biriko bija mu nzira y-amajambere.