NEWS

Frodebu Nyakuri isaba abafise imyaka hagati ya 16 na 18 baronswe karangamuntu

By

on

Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye, umenyesha ko wamaze kubona ko igice kinini c’abafise imyaka iri hagati ya 16 na 18, na cane cane abanyeshuri ata karangamuntu bafise, uyo mugambwe usaba ababijejwe gufata ingingo zose zishoboka kugira uwo muce w’abanyagihugu ntuzoreke kwiyandikisha.

Mw’itangazo umukuru w’uyo mugambwe yashize ahabona kuruno wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, Keffa NIBIZI yasavye abajejwe intwaro ku rwego rw’amakomine gutanga karangamuntu ku giciro kizwi n’amategeko.

Keffa NIBIZI yahamagariye abanywanyi b’ubugambwe wiwe kwitaba igikorwa co kwiyandikisha kugira mu kwitaba igikorwa c’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rishasha ryahinyanyuwe ntibizobagore.

Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye utera akamo abo bose babuza abanyagihugu kutazokwitaba ayo matora ko amatora ari imwe mu nkingi z’intwaro rusangi kuko aterera cane mu gushigikira ivyiyumviro vy’ubuzima bw’igihugu.

Ukwiyandikisha mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwaa shingiro rishasha hamwe n’amatora yo mu mwaka wa 2020 bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 8 ruhuhuma 2018 gushika kw’igenekerezo rya 17 ruhuhuma 2018.

Bamwe mu batavuga rumwe na Reta bamaze gushikiriza ko abanywanyi babo bameze gufatwa bagirizwa kwigisha kuzotora Oya w’iryo bwirizwa shingiro, mu gihe abo muri Reta bivugwa ko bamaze guhamagarira abanyagihugu kuzokwemeza iryo bwirizwa shingiro.

Recommended for you