INTERNATIONAL NEWS

Fredric Bamvuginyumvira yavuye muri CNARED

on

Abanywanyi b’Urunani CNARED babandanya bamenyesha ko bariko bava muri urwo runani rw’abatavuga rumwe na Leta, rufise icicaro gikuru mu Bubiligi.None urwo runani ruzosigaramwo nde?

Ubu uwamenyesheje ko avuye muri CNARED akaba ari uwahoze ari icegerea c’uwutwara umugambwe Sahwanya-Frodebu, Fredric Bamvuginyumvira, ko ‘yahisemwo kuva burundu muri urwo runani’, niko yanditse mw’ikete yandikiye umukuru wa CNARED, Jean Minani.

Fredric Bamvuginyumvira mu vyo amenyesha ko icatumye ava muri urwo runani ari uko urwo runani rwananiwe no ‘gushitsa ivyo rwiyemeje’.

Jean Minani arongoye urwo runani CNARED akaba asanzwe adahuza na benshi mu bari muri urwo runani kubera yagirizwa ‘ugukoresha aka mwana wa mama no gusesagura amatungo y’urwo runani’.

Recommended for you