François NGEZE yahoze ari umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu ku ntwaro ya mbere ya Perezida BUYOYA yarapfuye mw-ijoro ryo kuri uyu wa kane ku myaka 68 , akaba ahitanywe n-ingwara ya kansere yaramaranye igihe.
NGEZE akaba kandi yarabaye umukuru w-igihugu mu kiringo c-imisi itandatu guhera kuwa 21 gushika kuwa 27 gitugutu 1993, ashizweho n-akarwi k-abasirikare kari gahejeje kwica umukuru w-igihugu Melchior Ndadaye n-abo bafashanya gutwara.
Nkuko bivurwa n-abo bagendanye ndetse bagasangira imirimo mu mashure y-abigenga bemeza ko uwo muhisi atigeze yemera ko yabaye umukuru w-igihugu c-uburundi . Akaba ashengeye yarasanzwe aserukira imbere y-amategeko ishure rya Ecole Horizon ryo mu Kinindo, mu gisagara ca Bujumbura.