Thursday, June 8, 2023
HomeSportsFrancine Niyonsaba yabaye uwambere mu mahiganwa ya Prefontaine- Classic muri Amerika.

Francine Niyonsaba yabaye uwambere mu mahiganwa ya Prefontaine- Classic muri Amerika.

Umunonotsi w-umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye abaye uwambere mu mahiganwa yo kwinonora ya Prefontaine-Classic yabereye muri Leta zunze ubumwe za Amerika  yabaye kuri uyu wa 21 Myandagaro 2021.May be an image of 2 people, people playing sports and text that says 'PREFONTAINE CLASS -'

Ku kirere kingana na 3.218,68m, Francine Niyonsaba yacirutse 9:00:75. Akaba yatsinze abakinyi bafise imidari y-inzahabu olympique2. Abo nabo ni Latesenbet Gidey na Hellen Obiri . Francine Niyonsaba  akaba abaye umunonotsi agize kabiri  kuva iryo higanwa ryo kwiruka ico kirere ritanguye, aho yahirutse umwanya muto.

Twobibutsa ko uwo munonotsi w-umurundikazi mu nkino za Jeux Olympiques zaheruka kubera i Tokyo mu gihugu c-ubuyapani atagize amahirwe yo gutsinda. Ariko ntivyamuciye intege yagumanye icizere ko muyandi mahiganwa azokwerekana ico ashoboye.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...