Thursday, June 8, 2023
HomeSportsFrancine Niyonsaba, umunonotsi wa mbere kw-isi anyaruka mu kwiruka imetero 2000.

Francine Niyonsaba, umunonotsi wa mbere kw-isi anyaruka mu kwiruka imetero 2000.

Mw-ihiganwa ryo kwiruka rya ˮBoris Hanzekovich‟  ryaraye ribereye i Zagreb mu gihugu ca Croatie, Francine Niyonsaba yaraye akoresheje iminota 5 n-amasegonda 21 n-uduce 56  mu kwiruka imetero ibihumbi bibiri. Akaba abaye uwa mbere kw-isi yirutse umwanya mwiza  nkuwo bita ˮrecord mondial‟.May be an image of 1 person and text that says '- Zagreb 5.21.56 YONS WORLD RECORD FRANCINENIYONSABA FRANCINE NIYONSABA WOMEN'S 2000M'

Francine Niyonsaba akaba yaheruka gutsindira ihiganwa rya Diamond League ry-umwaka w-2021. Aho yatahukanye ako gashimwe mu kwiruka imetero 5000 mu minota 14 amasegonda 28 n-uduce 98 i Zurich mu gihugu ca Suisse.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w-igihugu c-uburundi  Evariste Ndayishimiye yaraye akeje uwo munonotsi aho yagize ati: ˮ Kw-izina ry-abarundi  bose no kw-izina ryanje, ndakeje umwigeme Francine Niyonsaba kw-iteka ridasanzwe amaze imisi atera uburundi. Imana ibandanye imuhezagira agume atere imbere nk-umuzinga‟.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...