Thursday, June 8, 2023
HomeSportsFrancine Niyonsaba avuga ko ubushimwe aheruka gutahukana bwatumye uburundi bumenyekana kw-isi.

Francine Niyonsaba avuga ko ubushimwe aheruka gutahukana bwatumye uburundi bumenyekana kw-isi.

Umunonotsi w-umurundikazi Francine Niyonsaba  aherutse gutahukana imidari myishi mu mahiganwa atandukanye ya Diamond League, kuri uyu wa gatatu, yakiranywe iteka n-isinzi ry-abantu batandukanye mu gisagara ca Bujumbura , kuva ku kibuga c-indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye.

Mw-ijambo ryiwe, uwo munonotsi yamenyesheje isinzi ryari ryaje ku mutegera ko ubushimwe aherutse guthukana bwatumye igihugu c-uburundi kimenyekana mu makungu. Ikindi, Francine Niyonsaba yagarutse ku kuntu yagiye aritwara neza mu mahiganwa  atandukanye na cane ku kuntu abarundi badasiba ku mushigikira ko vyaguma bimutera integer bigatuma yitanga kuruta ukwo yahora.

Abari bitabiriye ivyo birori vyo kumwakira bamenyesha ko bashimishwa  n-intambwe uwo mwigeme agezeko mu guserukira igihugu c-uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...