Uwurongoye inama y-agateka ka zina muntu ya ONU yaraye agenye kuri uyu wa kabiri Fortuné Gaetan Zongo mu kibanza c-intumwa idasanzwe ya ONU mu gisata kizoba kiraba ukwo agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Bikaba bitegekanijwe ko iryo genwa rya Gaetan Zongo ryemezwa mu nama izotangura mu ndwi iza kuwa 28 Ruhuhuma 2022.
Inama ya ONU y-agateka kazina muntu igira 49 izokorana kuva kuri uyu wa 28 Ruhuhuma 2022 niyo izokwemeza uwo munya Burkina Faso , Gaetan Zongo. Uwurongoye ico gisata ca ONU , Federico Villegas yamugenye yisunze icipfuzo c-umurwi ujejwe kugosora, uwo murwi ukaba wari wamuhaye amazina atatu mu mpera z-ukwezi kwa mmbere ariko umubwira ko uwo afise ubwenegihugu bwa Burkina Faso ariwe afise ubushobozi kurusha abo bandi babiri bahiganirwa ico kibanza.
Umunya Burkina Faso Gaetan Zongo w-imyaka 48 y-amavuko asanzwe arongoye sentare y-iyungururizo yahitwa Fada N-gourma mu gihugu ca Burkina Faso. Kuva mu mwaka wa 2011 gushika mu 2014 akaba yarakoze mu murwi wa ONU ujejwe gukinga ukuborezwa igufa kiremwa muntu n-ayandi mabi y-ubunyamaswa.
Naho Leta y-uburundi yatangaje ko itazokwemera ko intumwa idasanzwe ya ONU itohoza ibijanye n-agateka ka zina muntu ihonyoza ikirenge ku butaka bwayo, ntawuzi ko arikwo igihagaze kw-ivyo yatangaje inyuma y-ugukurwako ibihano vy-ubutunzi n-umuryango w-ubumwe bwa buraya .