Wednesday, May 31, 2023
HomePoliticsFOLUCON-F isaba Agathon Rwasa gusaba imbabazi abarundi ku majambo yavugiye kuri RFI

FOLUCON-F isaba Agathon Rwasa gusaba imbabazi abarundi ku majambo yavugiye kuri RFI

Mw-itangazo iheruka gushira ahabona,ishirahamwe FOLUCON-F ivuga Ko amajambo aheruka gushikirizwa kw-iradiyo y-abafaransa RFI  n-umushingamateka akaba n-umukuru w-umugambwe CNL Agathon Rwasa atabereye na gato ku muntu yitwa ko yatowe ngo aserukire abanyagihugu.টুইটারে Radio Star Fm: "#Burundi #Gitega: Gérard HAKIZIMANA, représentant  légal de la #FOLUCON-F félicite la @CeniBurundi qui a informé au public les  noms des candidats aux présidentielles dont les dossiers ont été

FOLUCON-F ivuga ko yaneguye cane amajambo yakoreshejwe n-uwo mushingamateka kuri radiyo RFI : nk- ihohoterwa Leta ikorera abanyagihugu bayo, ibiganiro biri hagati y-uburundi hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa burayi ko bihakwa gushigikira intwaro itoteza abanyagihugu bayo, ifatwa ry-abantu ritakwirikije amategeko,hamwe n-amacakubiri. Iryo shirahamwe ribona ko umushingamateka Agathon Rwasa yoba yararengeje urugero kw-ayo majambo yavugiye kw-iradiyo y-abafaransa RFI . Ko icoba ciza Kubwa  Gerard Hakizimana arongoye FOLUCON-F ni uko uwo mukuru w-umugambwe CNL yoja ku maradiyo akorera mu Burundi akasigura ayo majambo yose yavugiye kuri RFI.

Uwurongoye FOLUCON-F avuga ko umushingamateka Agathon Rwasa kw-ayo majambo yavuze asanga ataco aza gufasha abanyagihugu bamutoye. Ikindi FOLUCON-F ivuga ngo  Agathon Rwasa ntiyarakwiye gushigikira ko uburundi buguma mu bihano kandi biboneka ko uburundi bwagiye mu bihano burenganijwe . Agathon Rwasa ngo akwiye kwisubirako ndetse akanasaba ikigongwe uburundi n-abarundi kw-ayo majambo yose yavugiye kw-iradiyo y-abafaransa RFI.

Must Read