Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsFNL ya Miburo Basigaye bifashisha '' Agathon Rwasa '' kugirango barabe yuko...

FNL ya Miburo Basigaye bifashisha ” Agathon Rwasa ” kugirango barabe yuko botera Imbere

Abanamarimwe b’umugambwe FNL bo ku Muzinda muri komine ya Rugazi mu ntara ya Bubanza, bavuga ko bahenzwe n’abarongoye FNL ya Yakobo Bigirimana, bakirirwa umunsi wose bahagaze, barindiye Agathon Rwasa ko ariwe agira ashike kwugurura ingoro y’umugambwe.

rwasa

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 12 Kigarama, abo banyagihugu bavuga ko bahenzwe n’abantu bari muri FNL yo kwa Yakobo Bigirimana, bababwira ko Agathon Rwasa agira aze kwugurura ingoro y’umugmbwe aho ku Muzinda, abo banamarimwe bakavuga ko bahagaze amasaha n’amasaha barindiriye uwo bavuga ko ari we mukuru w’umugambwe FNL Agathon Rwasa, ngo bagire uku, baja babona haserutse intumwa ya Yakobo Bigirimana, ariko guca bataha, ivyo bikorwa vyo kwugurura iyo nyubakwa y’umugambwe FNL batabikubise n’irya humye.

Abo banamarimwe rero bakaba biyamiriza izo nzira zo kubahenda, mu gihe bavuga ko bari kubwizwa ukuri, bakareka kubatesha umwanya, birirwa baraza gutegera umuntu atari buze. Bamenyesha ko bahenzwe ko haza Rwasa, kuko FNL yo kwa Miburo izi neza ko iyo batanga ubutumire bivuze ko aribo baza, atabantu bari kuronka babakira bo mu mugambwe FNL, arico gituma, abo banamarimwe bemeza ko bahenzwe kugira baze gutegera intumwa ya Miburo yiyise Rwasa.

Must Read