NEWS

FISTON ABDOULAZAK ARIKO ARONDERWA N’IMIGWI MYINSHI KUBERA NGWAZI GUKINA NEZA.

By

on

Umukinyi w’umurundi Fiston Abdoulazak ariko aronderwa n’imigwi myinshi ya buraya nkuko uyo mukinyi yashoboye kubishikiriza mu kiganiro yagiranye n’umwe mu bamenyeshamakuru bo ngaha mu burundi imbere yuko urukino rwahuje umugwi INTAMBA MU RUGAMBA n’umugwi wa SYCHELLES kuri Stade Prince Louis Rwagasore ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 13/10/2015.

Fiston Abdoulazak ati:nyuma y’urukino rwabereye mu gihugu ca SYCHELLES hari abantu benshi bandondeye nyuma y’urukino bambaza aho nkina,bambwira ko nkina neza,bambwira ko bazondondera kugira nkinire imigwi yabo.

Fiston Abdoulazak akaba ariwe yatsindiye INTAMBA MU RUGAMBA mu nkino zose zahuje umugwi wa SYCHELLES n’INTAMBA MU RUGAMBA.