NEWS

FFB ivuga ko RTNB ariyo ibwirizwa kuriha amande ya 10 000 USD.

on

Mu kiganiro yaremesheje ejo ku wa mbere itariki 8 Ndamukiza 2019, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yaramenyesheje aho ahagaze ku bijanye nuko Uburundi bwaciwe amande ya 10 000 USD(nk’imiliyoni 30 mu mafaramga y’amarundi).

Ayo mande Uburundi bwayaciwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ku kuba Uburundi bwarerekanye urukino rwahuje Uburundi na Gabon ku wa 23 Ntwarante 2019 bidaciye mu mategeko.

Umukuru wa FFB Burundi, Reverien Ndikuriyo, yamenyesheje ko ayo mande abwirizwa kurihwa na RTNB ‘kubera ko ariyo yerekanye urwo rukino’.

Ndikuriyo akaba yamenyesheje ko FFB Burundi idakwiye kuriha ayo mande. Abihweza ibintu n’ibindi baca bibaza nimba RTNB iradiyo nkuru y’igihugu ariyo yari ikwiye kuriha ayo mande.

None vy’ukuri RTNB yerekanye urwo rukino FFB Burundi itabizi? Uko biri kwose bari muri Leta imwe, yaba RTNB canke FFB iyatanza azoba avuye muri leta.

 

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply