NEWS

FFB Burundi nta buryo ifise bukwiye bwo kurangiza neza inkino za CAN mu Misiri.

on

FFB Burundi nta buryo ifise bukwiye bwo kurangiza neza inkino za CAN mu Misiri zizoba muri Ruheshi 2019. Ivyo vyamenyeshejwe na Reverien Ndikuriyo atwara FFB Burundi, Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Reverien yavuze ko naho bafise uburyo bushika ku 200 000 USD(177 000 Euros) hari nibindi bigikenewe nk’amafaranga akoreshwa hamwe n’amatike n’ibindi, ayo ahari adakwiye maze asaba ko haba abaterera na cane cane leta y’Uburundi.

Ikinyamakuru kimwe Benin Web TV camenyesheje ko Uburundi bukeneye amafaranga angana na 290 000 euros( nka 310 000 USD, ayarenga umuliyaridi w’amarundi) kugira ngo gishobore kuja mu nkino z’igikombe ca Afrika ata ngorane.

Bigaca bigaragara ko Uburundi bugihajije amafaranga arenga 100 000 USD( nk’amarundi imiliyoni 300).

Biragarara ko leta y’Uburundi n’abanyagihugu basabwa guterera FFB Burundi kugira Uburundi bushobore kuzokina izo nkino igihugu caronse aribwo bwa bere kuva zabaho.

Mukibuka ko Uburundi bwashizwe hamwe na Nigeria, Madagascar na Guinee.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply