Saturday, March 25, 2023
HomeUbutunziFaustin Ndikumana avuga ko ivyo guha amabanga abatabishoboye vyaduze cane ku ntwaro...

Faustin Ndikumana avuga ko ivyo guha amabanga abatabishoboye vyaduze cane ku ntwaro ya CNDD-FDD ko kera bitariho.

Uwurongoye ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi ngo bahindure ingendo avuga ko ivyo guha amabanga abatabishoboye vyaduze cane ubu ku ntwaro ya CNDD-FDD ko kera bitariho ahubwo ngo hashirwa imbere incabwenge zibishoboye ku buryo no mu makungu bashimwa ku bushobozi bwabo. Faustin Ndikumana agatanga akarorero ko ku ntwaro ya Perezida BAGAZA ukwo abari muri Leta yiwe bari bashoboye, ivyanatumye igihugu gitera imbere cane ico gihe.

Ariko yishura ku kibazo c’umunyagihugu yamubajije hari mu kiyago cariko kibera ku mbuga ngurukanabumenyi igituma igihugu c’uburundi iki gihe kiri mu bukene budasanzwe kandi no mu bihe vyo mu ntambara igihugu kitari bwigere kihagera, Faustin Ndikumana abona ko zimwe mu ntambamyi ziriko zituma igihugu c’uburundi kitera gisubira inyuma mu vy’ubutunzi ari kubera ko abagenwa mu mabanga hisunzwe ugukorera umugambwe watsinze amatora canke ikimenyane birangira kenshi vyerekanye ko ataco baba bashoboye. Ivyo we abona ko bitandukanye cane no ku ntwaro za kera na cane cane ku ntwaro y’umuhisi Perezida Bagaza.

“ibi vyo gusanga abantu mu mabanga usanga benshi batabishoboye vyadutse cane ubu , kera ibintu vy’ishure vyari ibintu biri imbere,hakaba n’abahinga mbere kuburyo n’ abantu mvamakungu baje ugasanga n’abantu b’abahinga bakomeye mugabo ehe raba ubu nt’amafaranga wewe wumvise imiriyoni 240 z’amadorare ibanki y’isi yari yafashije uburundi ingene twananiwe no kuyakoresha bakaduha imiriyoni 60 gusa ? ibi kera ntivyabaho kuberiki?kuja gushiraho uwupfa gutwara poroje waravye kumbure uwadugije igipfunsi, uwashiririye cane, none uwashiririye cane,… (…) Abashikiranganji b’ikigega ca Leta nka Nibigira Gerard bagenda mw’ibanki y’isi yose bakakirwa n’amashi , uzosubira kuronka umurundi nka Nibigira ryari? ”
Ikindi Faustin Ndikumana avuga kiriko gituma igihugu gisubira inyuma mu butunzi ni ikijanye nuko iyo haje umugambwe uri ku butegetsi wahora uri mu mihari irwana hakunda guca haduka kenshi abantu usanga babona ko umengo ntibashobora gukwirikiza amategeko bakayarengera bafatiye mu bihe vya kahise bahoramwo:

“twe twararwanye , turekurira ibi atacamira, ugasanga n’ibiturire canke ivyo vyo kunyonora amatungo y’igihugu no kudakwirikiza amategeko bihera aha ati jewe nsinkorwako n’amategeko kuko ndi naka , Leta niyo yafata ingingo nziza jewe nsinzokwirikiza kubera ndi naka” Niko Umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana abandanya asigura.

Must Read