NEWS

FAO: Uburundi Ku Rutonde Rw’Ibihugu Bikeneye Imfashanyo Y’Ibifungurwa.

on

Nk’uko icegeranyo c’Ishirahamwe rya ONU ryitaho Ibifungurwa n’Uburimyi, FAO, kibishira ahabona, intureka hamwe n’ihindagurika ry’ikirere biriko bibica bigacika mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko n’ibindi vyegereye akarere harimwo n’Uburundi, aho ubukene bukabije bw’ibifungurwa bubandanya kwibonekeza kandi ko abantu benshi bakeneye imfashanyo.

Ico cegerenyo ca FAO cataziriwe ngo “The Crop Prospects and Food Situation” cerekana ko ibihugu 37 ( harimwo n’Uburundi) bikeneye vyihuta imfashanyo ivuye hanze y’ibifungurwa, kandi ko ivyo bihugu bimaze amezi 3 bihanganye n’ico kiza c’ubukene bw’ibifungurwa.

Ivyo bihugu 37 bikeneye vyihuta imfashanyo y’ibifungurwa bikaba ari: Afghanistan, Burkina Faso, Burundi, Cameroun, Centre Afrique, Chad, Congo, Koreya ya Ruguru, RDC, Djibouti, Eritrea, Ethiopia, Guinea, Haiti, Iraq, Kenya, Lesotho, Liberia, Libya, Madagascar, Malawi, Mali, Mauritania, Mozambique, Myanmar( Birmanie), Niger, Nigeria, Pakistan, Sierra Leone, Somalia, Sudan Y’Epfo, Sudan, Swaziland, Syria, Uganda, Yemen na Zimbabwe.

Mu Burundi ,uturere tuvurwa na FAO ko dushobora kubangamirwa cane n’ubukene bw’ibifungurwa ni intara za Bubanza, Cibitoki na Kirundo.

Intambara z’urutavanako n’intureka nivyo bituma inzara yaka indaro muri ivyo bihugu, uhereye mu Burundi gushika muri Yemen, nk’uko ico cegeranyo kibivuga. Intureka ziratuma abanyagihugu bata izabo maze ibinjanye n’Uburimyi bikaba nabi cane. Ikindi kinabituma n’uko imvura kenshi ikunze kugwa nabi canke hakaka uruzuba mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Recommended for you