NEWS

Evariste Ndayishimiye: ‘Dukeneye imbonerakure zihabona…’

on

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yavuze ijambo aho yahagurukiye abigira ko ari abagumyabanga kandi atari bo ko bagiye gusezererwa.

Abagumyabanga bafise ubuzi bwa leta bagibishijwe cane nimba batariko bakora ibigirira akamaro igihugu ko bagiye kubogozwa.

Evariste Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko ivyo bihamabye mu kumenyesha ko ‘umugumyabanga ataba akarorero mu guteza imbere igihugu na beneco, siwe’.

Umugambwe CNDD-FDD ugiye guhagurukira abagumyabanga batesha urubwa umugambwe. Abarya ibiturire, abanebwe, ibisuma si abagumyabanga.

“Imbonerakure, umukenyererarugamba, umugumyabanga atazokwerekana akantu gashasha akora mu ntumbero yo kubera akarorero abandi, siwe kuko umugambwe CNDD-FDD ufise umuhamagaro wo kuzamura Uburundi kugira abarundi babeho neza”,niko yamenyeshehje..

Muvyo evariste ndauishimiye yagarutse ku kurandurana n’imizi inzara.”Turakeneye kubona mu Burundi ata nzara ihavugwa canke ingwara zifatiye ku bukene, niko yamenyesheje.

Mwumvirize ngaha:

Recommended for you