NEWS

Evariste Ndayishimiye amenyesha ko hagiye kuba ‘Ikoraniro kaminuza ryo gutora uwuzosubirira Petero Nkurunziza’.

on

Mu kiganiro umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yamenyesheje iradiyo y’abongereza BBC, uyo munyamabanga akomeye benshi bavuga ko ari uwahafi cane n’umukuru w’igihugu, yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD witeguriye gukora ikoraniro kaminuza kugira hatorwe umukandida azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ya 2020 azoza asubirira Petero Nkurunziza.

Ku bwa Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu ahari ubu siwe wenyene afise ububasha bwo gutwara igihugu. Yamenyesheje ati: Turondere uwundi asa na Petero Nkurunziza, hamwe Abarundi n’amakungu bazovuga bati, harabonetse uwuza kubandanya intambwe yaherejeko…Umuntu yavuze ati, sinitoza, none wumva usubira kwitoza bigenze gute?”

Evariste Ndayishimiye asaba ko abiyumvamwo Petero Nkurunziza kurusha ko botahura kubera ko Petrero Nkurunziza atoboherwa ku butegetsi. “Kuko abanyamugambwe bafise akaranga mutima, banazi imigabo n’imigambi y’umugambwe, batabuze”, niko Ndayishimiye yamenyesheje.

Iryo koraniro kaminuza muri CNDD-FDD rikaba ritaramenyekana aho rizobera kugira hatorwe uyundi mukandida azosubira Petero Nkurunziza.

Recommended for you