Leta ya Etiyopiya isaba ishami ry-ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amagara y-abantu kw-isi OMS gukora amatohoza ku mukuru w-iryo shirahamwe kuvyo imwagiriza kuba atanga «amakuru y-ibinyoma» kandi ko afise «inyifato mbi» ku bijanye n-indyane zimaze igihe mw-ico gihugu.
Nkuko tubisoma k-urubuga rw-iradiyo y-abongereza BBC, Intandaro ya vyose yoba ari ibiherutse gutangazwa na Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus aho mw-iy-indwi turiko tusozera yavuze ko imibereho y-abantu bo mu ntara asanzwe avukamwo ya Tigray yasinzikajwe cane n-intambara yise «umuriro udahera» anagiriza Leta ya Etiyopiya ko izibira imfashanyo y-imiti kwinjira muri iyo ntara.
Etiyopiya ivuga uku:« Arisuka mu bibazo bwite vya Etiyopiya , harimwo n-ibijanye n-imigenderanire yayo na Eritreya» Ico gihugu kikagabisha kandi OMS ko uwo munya Etiyopiya Dr Tedros ashobora guteza urubwa iryo shirahamwe rijejwe amagara y-abantu kw-isi. Ni mu gihe Leta ya Etiyopiya yoyo yagiriza abayirwanya bo mu ntara ya Tigray ko aribo bazibira imfashanyo.
Tubibutse ko atari irya mbere mw-iyi ntambara ihuza Leta ya Etiyopiya hamwe n-abarwanyi ba Tigray, Addis-Abeba yidogera uwo atwara OMS ko nawene yagiye arafasha abo barwanyi mu kubaronsa ibirwanisho , ivyo Tedros yahakanye yivuye inyuma.