NEWS

ESUPANYE:Umugore w’Imyaka 64 Yibarutse Abana Babiri b’ Amahasa

on

Nk’uko Radio BBC ibivuga, mu ibitaro vyo muri Recoletas vyo muri Espanye, umugore w’imyaka 64 yibarutse abana babiri b’amahasa abanje kubagwa(Cesarienne).

Uyo mugore atavuzwe izina yari yaravuwe ingwara yo kutavyara muri Amerika, nk’uko ibinyamakuru vy’aho muri Esupanye bibivuga.

Mu 2012, uyo mugore kandi yari yaribarutse umwana w’umukobwa, uwaciye ajanwa kurererwa muri vya bigo vyitaho abana kubera amakenga kumagara yiwe.

Uyo Mugore wo muri Espagne yibarutse amahasa afise imyaka 64

Nta ngingo irafatwa ku vyerekeye amahasa y’uwo mugore. Ayo mahasa na nyina wabo bafise amagara meza bari muri ivyo bitaro. Umuhungu apima ibiro 2,4 hama umukobwa nawe agapima ibiro 2,2.

Ukuvyara kwiwe ntikwateye ibabazo na gato.Mu myaka iheze, nk’uko Ikinyamakuru EL Pais kibivuga, hari abandi bagore babiri bari mu myaka ya 60 bibarutse abana bafise amagara meza.

Muri 2016, umugore umwe wo mu Buhindi afise imyaka irenga 70, Daljinder Kaur, yaribarutse umwana w’umuhungu afise amagara meza mu Ntara ya Haryana inyuma yaho avuriwe ingwara yo kutavyara.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply