Inama nkuru y-abepisikopi katorika mu Burundi imenyesha ko kuva mu kwezi kw-icumi kw-uy-umwaka turimwo ishikanwa ritangwa n-umukirisu wese yipfuza gusabira imisa uwiwe canke ikindi agomba gutura Imana abicishije mu nkuka y-imisa ryarwijwe na kabiri aho ryavuye ku mafaranga 1500 c-amarundi rishirwa ku mafaranga 3000 vy-amarundi.
Musenyeri Joachim Ntahondereye arongoye iyo nkuru y-abepisikopi katolika asigura igituma iryo shikanwa ryadugijwe: ˮKugira ashobore kurangurana umwidegemvyo ibanga ryiwe, umusaseredoti arakenera uburyo bumufasha kwikenura, ubwo buryo ntahandi buva atari abo arangurira ibikorwa vy-ubutumwa.Abasaseredoti bahano iwacu I Burundi ni ukuvuga abapatiri n-abepisikopi nta mushahara bafise. Gushika uyu musi, hambavu y-ibibatunga mw-I paruwasi canke mu bundi butumwa barimwo baronka ishikanwa ritangwa n-umukirisito agomba gusabira uwiwe canke afise ikindi agomba gutura Imana abicishije mu nkuka y-Imisa. Mu ntumbero rero yo gufasha abasaseredoti ngo barangure ubutumwa mu mwidegemvyo mu rukundo rwitanga badata umwanya w-ubutumwa mu kwiruka muvyo batarekuriwe twasanze ari ngombwa ko dusaba abakirisito kwongereza iryo shikanwa ry-imisa umukirisu atanga mu gusabira uwiwe canke kugira ico asavye. Twaciye dufata ingingo y-uko kuva mu mwaka w-ubutumwa w-2021 ushira uwa 2022 iryo shikanwa ry-imisa rizoba riri ku mafaranga 3000 vy-amarundi‟