NEWS

Edouard Nduwimana, umuhuza w’abarundi, ayo yabonye muri Afrika y’Epfo.

on

Umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, mu nama y’akazi aherukamwo muri Afrika y’Epfo, yarahuye n’abarundi batarya umunwa maze baramukurako agashamabara ku kuntu bamututse mbere gushika yaho haba akajagari.

Mwe’ivideo yagiye ahabona, hariho umurundi aba mu gisagarara ca Durban, aho Nduwimana Edouard yariko anakoresha inama n’abarundi baba aho muri Afrika y’Epfo, yambuye agashambara Nduwimana mu kumubwira ko ‘amaboko yiwe yuzuyeko amaraso gusa yasheshe’.

Muri iyo Video, uyo murundi atarya umunwa aragiriza Nduwimana ko leta y’Uburundi yagiye aserukira yananiwe no gutsimbataza intwaro ya Demokrasi, ahubwo ko ‘ikwirahiza iterabwoba gusa’.

Uwo murundi abandanya abwira Nduwimana ‘amabi’ yakoze akiri umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aho ‘yashimiye cane abajejwe umutekano barashe bongera barica bamwe mu bayoboke ba Zebiya mu mwaka wa 2013 kandi ata kigwanisho bafise co kwivuna’.

Uwo murundi aboneka muri iyo video ntagarukira ngaho, aravuga n’ukuntu Edouard Nduwimana yasamabaguye imigambwe akiri umushikiranganji w’intwaro yo hagati kuva mu 2005-2015.

Abandi Barundi bari muri iyo nama yitabwe n’abantu bari ku rushi, baciye bagerageza ‘kunumya’ uwo murundi arinduka atarya umunwa maze haca haba akajagari gusa.

Kurikirana iyo video y’iminota nka 10 ngaha wirabire nawe.

Recommended for you

1 Comment

  1. genesis mining promo code

    June 29, 2019 at 2:27 pm

    Muchos Gracias for your blog post.Much thanks again. Want more.

Leave a Reply

Your email address will not be published.