NEWS

Edouard Nduwimana avuga ko atabandi biganiro bizoba

By

on

Umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, ivyo yabivugiye mw’itangazo yasomye kur’uyu wa gatatu aho yiyamiriza akamo katewe n’inama y’umutekano ya ONU aho ihamagarira abarundi gusubira mu biganiro vya politique.

Edouard Nduwimana avuga ko atabiganiro bizosubira ko ahubwo abanyepolitike bokwitegurira amatora yo mu 2020. Edouard Nduwimana akavuga ko umutekano n’amahoro bihari m’Uburundi uravye ingene imigambwe iguma ishinga ingoro zayo mu ntara z’igihugu ngw’ivyo bikerekana ko ibiganiro bihari hagati y’imigambwe na Leta.

Edouard Nduwimana ariyamiriza nguwo wese azoshaka guhubisha inzira y’amatora abarundi mugushiraho icuka kibi. Ariko Edouard Nduwimana aravuga ko hahora haba imidugararo ku ngoro z’imigambwe CNDD-FDD na CNL agasaba abajejwe umutekano n’ubutungane gufata abo bantu bahungabanya umutekano kur’izo ngoro. Umuhuza w’abarundi arasaba abahunze gutahuka kugira bazoje mu matora yo mu 2020 bitoze bongere batore ariko ivyo n’ivyabadafise imitahe ibahagarika.

Recommended for you