NEWS

Edouard Nduwimana avuga ko ata biganiro yakoranye n’abatavuga rumwe na Leta i Nairobi

on

Mu rwandiko rwashizwe ahabona ejo ku musi wa gatatu, Umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, arabeshuza amakuru avuga ko hari biganiro yakoranye n’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi muri Kenya mu gisagara ca Nairobi.

Edouard Nduwimana amenyesha ko amakuru [yashizwe ahabona n’Ikinyamakuru Iwacu]yavuga ko habaye Inama hagati y’intumwa za leta y’Uburundi n’abatavuga rumwe na leta i Nairobi muri Kenya atari vyo.

Nduwimana akamenyesha ko nyabuna yabonanye n’abanyepolitike batavuga rumwe na leta ariko bahunze baba i Nairobi kandi b‘abanyamahoro‘(opposants pacifiques).

Mu kuvuga abanyamahoro vyumvikana ko yabonanye n’abatavuga rumwe na leta ariko badakavya nk’abandi bita abatavuga rumwe na leta b’ishaka rirenze urugero(opposants radicaux).

Edouard Nduwimana akanahakana ko ataserukiye leta y’Uburundi muri uwo mubonano yakoze n’abo yise ko ari abatavuga rumwe na leta b’abanyamahoro.

Mwonenya ko abatavuga rumwe na leta benshi, na cane cane CNARED bamaze kumenyesha ko bazokwitaba amatora ya 2020.

Recommended for you