NEWS

Econet Wireless irabeshuza ko yaguzwe na Smart Burundi

By

on

Ivyo biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryo gutumatumanako amakuru biciye muri telephone ryasohoye kur’uyu wambere. Aho n’inyuma yaho inkuru zitanguye gucanacanako kubuhinga ngurukana bumenyi zivuga ko iryo shirahamwe ryagurishije imitahe yaryo.

Econet Wireless ikavuga ko ifise abanywanyi bashika imiliyoni zitatu m’Uburundi ko kandi rifitaniye imigenderanire myiza n’ayandi mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru. Hardy Pemhiwa arongoye urwego nshingwantwaro rwa Econet Wireless amenyesha ko imitahe ishika 100 kw’ijana ikiri iya Groupe Econet iri mu bihugu bishika 15 vya Afrika, Asia n’Uburaya.

Ariko hari izindi nkuru zivuga ko iryo shirahamwe Econet Wireless rifise ideni rikomeye ry’amakori ya Leta kandi ikigo OBR kijejwe gutoza ayo makori kimaze gufata amacompte y’iryo shirahamwe. Bikavugwa ko ishirahamwe Aga Khan yavyaye SmartBurundi ariryo ryifuza kugura Econet Wireless. Ariko bikaba vyabeshujwe.

Recommended for you