Kuri uyu wa gatandatu, ku murwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura hakoraniye inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko kugira bigire hamwe ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo mu ntara ya Kivu y’uburaruko.Iyo nama ikaba yari yatumweko n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ari nawe arongoye iki gihe inama y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango wa EAC.
Mu bakuru b’ibihugu bigize EAC ukwo ari indwi, Kiretse uwurongoye igihugu ca Sudani y’epfo Atari yitabiriye iyo nama ariko yari yaserukiwe, Abasigaye bari bahishikiye. Ni ukuvuga:Perezida wa Kenya William Ruto, Perezida Kagame w’urwanda, Perezida Samia Hassan wa Tanzaniya, Perezida Tshisekedi arongoye Congo hamwe na Perezida Museveni w’igihugu ca Uganda.
Inyuma y’imyaka yababa icumi atagarutse I Burundi, Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yari yishikiye mw’iyo nama, ivyanezereje abatari bake kuko hari haciye imyaka 7 hadutse icuka hagati y’urwanda n’uburundi bitewe n’imvururu za politike zatewe n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza. Ubu, ivyo bihugu vyompi kwari bibiri imigenderanire yavyo ikaba yasubiye kunaguka.
Muvyapfunditswe mw’iyo nama y’abakuru b’ibihugu bagize EAC, akaba ari uko haba ihagarikwa ryihuta ry’intambara hagati y’igisirikare ca Leta ya Congo hamwe n’umuhari M23, ukuzohura kw’abarongoye ibiro bikuru vya gisirikare vy’ibihugu biri muri EAC mu kiringo c’indwi imwe gusa hamwe nuko Leta ya Congo yokworohereza irungikwa ry’ingabo z’akarere ka EAC, maze ivyo vyasabwe n’iyo nama y’abakuru b’ibihugu bikazoca biherekezwa n’ibiganiro.