NEWS

EAC Yoba igiye gusambuka kubera imigenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda?

on

Mu gihe hariko hibonekeza imigenderanire mibi hagati y’ibihugu bibiri bigize umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, arivyo Urwanda n’Uburundi, beshi barabona ako ivyo ari ‘ikimenyetso simusiga’ co gusambuka kw’uwo muryango nk’uko kahise kavyerekana.

Vyose vyatanguriye ku gusiba kwa leta y’Uburundi mu biganiro bihuza Abarundi i Arusha mu kwezi kwa Gitugutu, maze muri Munyonyo naho Leta y’Uburundi isiba Inama idasanzwe ya EAC yari itegekanijwe kuba ku wa 30 Munyonyo 2018.

Iyo nama ya 30 Munyonyo yarashize ahabona ibintu bibiri: ica mbere: ukutabona ibintu kumwe hagati ya Museveni na Nkurunziza. Iki abihweza ibintu n’ibindi babona ko Museveni agiye kugira umubano mubi na leta y’Uburundi na rirya asanzwe ari umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi.

Ica kabiri, Nkurunziza yarandikiye ikete ryo mwibanga Museveni amusaba ko ‘umwansi w’Uburundi’ ariwe Rwanda yoshirwa ku mu garagaro, hakaba ibiyago ubwa mbere ku kibazo c’imigenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda.

Vyose ivyo bica bitwibutsa ivyabaye mu 1977 aho habaye ugusambuka kwa EAC mu gihe umukuru w’igihuguu ca Tanzania , Julius Nyerere atabona kumwe ibintu binaka na mugenziwe wa Uganda, Idi Amin Dada, umubano washikanye ku gutana mu mitwe kw’ivyo bihugu.

Nk’uko uwihweza ibintu n’ibindi yiganiye ikinyamakuru The East African, yavuze ko iyi migenderanire mibi hagati y’abategetsi ba EAC ari ‘imbarutso mbi’ ishobora gutuma umuryango wa EAC usambuka.

Yamenyesheje ati : ” Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, abona ko ‘ari umuvyara wa bagenziwe ba EAC afatwa minenerwe’.

Abihweza ibintu barabona ko ibihugu vy’Urwanda n’Uburundi bishobora gutana mu mitwe nk’uko vyagenze kuri Tanzania na Uganda maze bigatuma haba imdurumbanyo muri EAC.

Ikindi kintu cerekana ‘ukurabaana ay’ingwe’ hagati y’abategetsi ba EAC n’ukuntu Leta y’Uburundi yahisemwo gutera akagera ‘abagenzi bayo’ maze basigara batamariwe gushika naho bunguruza inama ya EAC bitari vyitezwe. Abahinga babona ko Museveni wa Uganda, Kenyatta wa Kenya na Magufuli wa Tanzania bashobora ‘kumera nk’abikuye kuri Petero Nkurunziza’, maze agasigara yigenga wenyene mu karere.

Ibindi bibazo bishobora gutuma umuryango wa EAC usambuka ni ukuntu vyitezwe ko igihugu c’Urwanda arico kiramukiwe gutwara umuryango wa EAC mu kwakira Museveni. Mbege ubwo Paul kagame azotwara umuryango Uburundi burimwo kandi badacana uwaka?

Nivyaba biri uko, bizohora binashika inama zitumweko na leta y’i Kigali usange leta y’i Bujumbura ntizitavye nk’uko bisanzwe biri. Mukibuka ko no mu mamnama menshi abera i Kigali, leta y’i Bujumbura idasshima kuyitaba, eka mbere n’Urwanda ruheruka kumenyesha ko rwahisemwo kutitaba imikino ihuza abashinagamateka ba EAC yabereye mu Burundi kuva itariki gushika 10 Kigarama 2018.

Recommended for you

1 Comment

  1. Pingback: Inama ya EAC yari itegekanijwe kuba ku wa 27 Kigarama 2018 yungurujwe. – UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

Leave a Reply

Your email address will not be published.