NEWS

EAC Isaba ONU ‘Gusubira Kwihweza’ Ingingo Yo Gukura Abasirikare Ba AMISOM Muri Somaliya.

on

Abaserukizi b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bamenyesheje ejo ku musi wa gatanu ko ukugabanya ingabo za AMISOM( harimwo n’abasirikare b’abarundi) zigwanya imirwi y’iterabwba nka AL Shabab muri Somalia “kwozana ingaruka mbi”, maze baca basaba Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU gusubira kwihweza neza ingingo yo gukurayo burundu ingabo za AMISOM mu mpera za 2020 muri Kigarama”.

Nk’uko AFP ibishira ahabona, abaserukira ibihugu bigize Africa y’ubuseruko bifise abasirikare muri Somalia arivyo Kenya, Uganda, Burundi, Djibouti na Ethiopia bakoranye I kampala ku musi wa gatanu muri iyi ndwi maze bavuga ko igabanywa ry’ingabo za AMISOM muri Somaliya “ritumvikana kandi ryoshikana ku ngaruka zitari nziza uravye ivyo AMISOM imaze gushikako”.

Ingabo za AMISOM muri Somalia ziriyo kuva mu mwaka wa 2007 maze zikaba zishika ubu 21 626 zikora munsi y’Ubuyobozi bwa ONU hamwe n’imfashanyo mvamakungu. Mu 2016, bikaba vyumvikanywe neza ko hotangura igabanywa ry’izo ngabo guhera muri Gitugutu 2018 gushika mu mpera ya 2020.

Abajejwe umutekano bakaba bamenyesheje muri iyo nama ko ugukura abasirikare ba AMISOM muri Somalia gutuma abasirikare baja mu kaga maze bigatuma aba umuhari w’intagondwa AL Shabab usubira kwigarurira uturere bari birukanyemwo.

Abategetsi bitavye iyo nama bakaba basavye Inama y’umutekano ya ONU gusubira kwihweza ingingo yo kuvana burundu ingabo za AMISOM muri Somalia maze bakareka umwanya ukahaca kugira ngo igisoda ca Somaliya ‘kiboneka ko kitaramenyerezwa neza mu vy’intambara kimenyerezwe bihagije’.

Recommended for you