Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsEAC: Igisirikare n’igipolisi vya Congo ntibishoboye gukingira abanyekongo (Perezida Ndayishimiye)

EAC: Igisirikare n’igipolisi vya Congo ntibishoboye gukingira abanyekongo (Perezida Ndayishimiye)

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye akaba ari nawe arongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko, EAC amenyesha ko igisirikare n’igipolisi vya Leta ya Congo bidashoboye gukingira abanyagihugu b’ico gihugu, ariyo mpamvu ingabo z’akarere ka EAC zigiye kuba hafi abanyekongo gushika aho izo nzego zibiri zo kwivuna abansi zibereye urwego rukomeye rushobora gukingira umutekano wo mu gihugu cose. Perezida Ndayishimiye yabitangarije i Nairobi mu gihugu ca Kenya kuri uyu wa mbere igihe harikwo hugururwa ibiganiro bihuza Leta ya Congo hamwe n’imihari irwanira mu buseruko bwa Congo.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’uburundi , Varisito Ndayishimiye yagize ati :
“Ibisirikare vyo mu karere bizogumana namwe kugira bibacungerere umutekano gushika aho Leta ya Congo igira igisoda n’igipolisi bizoba bishoboye gukingira umutekano uwari wewese”

Tubamenyeshe ko ibiganiro bihuza Leta ya Congo hamwe n’imihari irwanira mu buseruko bwa Congo vyatanguye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Munyonyo mu gisagara ca Nairobi (mu gihugu ca Kenya)birongowe n’umuhuza Uhuru Kenyatta yahoze arongoye Kenya ubu yagenywe n’umuryango EAC ngo atorere inyishu ikibazo c’intambara iri mu buseruko bwa Congo. M23 ufatwa nk’umuhari ukomeye ku rugamba umaze imisi urwanira mu ntara ya Kivu y’uburaruko ntiwatumiwemwo mw’ivyo biganiro, Ivyo bamwe n’abandi babona ko nubu amahoro arama mu buseruko bwa Congo Atari ubu kuyaronka bitewe n’uko M23 yakumiriwe mw’ivyo biganiro vy’i Nairobi kandi ufise ivyo usaba uriko urwanira.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....