Uwahoze arongoye ubushikiranganji bw-amagara y-abantu akongera akaba ari n-umunyepolitike Umuganga Jean Minani amenyesha ko Leta y-uburundi ikwiye kubona ko iriko igirira nabi abanyagihugu irongoye mukutemera umugambi wokubacandagisha ikiza ca Covid-19.
Umuganga Jean Minani amenyesha ko mu misi iri imbere ingenzi zose zizotegekwa kubanza kwikingira umugera wa Coronavirus. Ikibabaje, ni ukuntu abategetsi b-uburundi bobo batariko bitaho gutanguza gucandaga abanyagihugu babo, bigashobora gutuma Igihugu c-uburundi cisanga ari conyene kw-isi bitewe n-ukuntu umukuru w-igihugu hamwe n-izindi ndongozi batumva uwo mugambi w-urucanco rw-ikiza ca Covid-19.
ˮLeta y-uburundi ntiyigeze yemera ivya Covid-19 yagumye ibihakana ivuga ko Imana yo yabakingiye, Covid-19 yateye ahandi ko mu Burundi itarigera ihagera. Ntibashaka kuvuga ko covid-19 iriko iramara abanyagihugu kandi baziko boba bivuguruje ivyo bama bavuze. Nibaza ko bari muvya propagande yabo, iyo propagande nayo iriko iramara abantu ntabwo iriko irabakiza.Ico twohanura abategetsi b-uburundi , n-uko bobona neza ko ikiza camaze kuhashika mu gihugu kandi kiriko kiriha inkumbi, uburundi si igihugu conyene mu bihugu vyose Bihari kw-isi vyafashe ingingo yo gukingira abanyagihugu bavyo no kubabwira uburyo bifata bagafata ingingo hamwe hamwe za Ruhasha , ariko uburundi bwo bwivugira nsindabinezwe. Bigiye kuzobagora abanyagihugu bazoba bavuye I Burundi kuko kugira wemerwe kuja mu bindi bihugu nk-ivya buraya hamwe n-ahandi uzobanza kuzokwerekana ko wicandagishije ikiza ca Covid-19, utaronse urwo rucanco ntuzokwemerwa kwurira indege‟ Niko umuganga Jean Minani amenyesha.
Uwo yigeze kuba umushikiranganji w-amagara y-abantu asaba umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye kujijuka akabona ko atariwe ategerezwa guta igihugu mu manga akihutira gutanga amategeko hamwe n-intumbero y-ukuntu igihugu arongoye cokingirwa ako karanda gahanze isi.