Sunday, March 26, 2023
HomeNewsDr Jean Minani avuga ko abarundi bose bashobora gufatirwa ibihano kubera kuticandagisha...

Dr Jean Minani avuga ko abarundi bose bashobora gufatirwa ibihano kubera kuticandagisha ikiza ca Covid-19.

Uwahoze arongoye ubushikiranganji bw-amagara y-abantu akongera akaba ari n-umunyepolitike Umuganga Jean Minani amenyesha ko Leta y-uburundi ikwiye kubona ko iriko igirira nabi abanyagihugu irongoye mukutemera umugambi wokubacandagisha ikiza ca Covid-19.Jean Minani - Alchetron, The Free Social Encyclopedia

Umuganga Jean Minani amenyesha ko mu misi iri imbere ingenzi zose zizotegekwa kubanza kwikingira umugera wa Coronavirus. Ikibabaje, ni ukuntu  abategetsi b-uburundi bobo batariko bitaho gutanguza gucandaga abanyagihugu babo, bigashobora gutuma Igihugu c-uburundi cisanga ari conyene kw-isi bitewe n-ukuntu umukuru w-igihugu hamwe n-izindi ndongozi batumva  uwo mugambi w-urucanco rw-ikiza ca Covid-19.

ˮLeta y-uburundi ntiyigeze yemera ivya Covid-19 yagumye ibihakana ivuga ko Imana yo yabakingiye, Covid-19 yateye ahandi ko mu Burundi itarigera ihagera. Ntibashaka kuvuga ko covid-19 iriko iramara abanyagihugu kandi baziko boba bivuguruje ivyo bama bavuze. Nibaza ko bari muvya propagande  yabo, iyo propagande nayo iriko iramara abantu ntabwo iriko irabakiza.Ico twohanura abategetsi b-uburundi , n-uko bobona neza ko ikiza camaze kuhashika mu gihugu kandi kiriko kiriha inkumbi, uburundi si igihugu conyene mu bihugu vyose Bihari kw-isi vyafashe ingingo yo gukingira abanyagihugu bavyo no kubabwira uburyo bifata bagafata ingingo hamwe hamwe za Ruhasha , ariko uburundi bwo bwivugira nsindabinezwe. Bigiye kuzobagora abanyagihugu bazoba bavuye I Burundi kuko kugira wemerwe kuja mu bindi bihugu nk-ivya buraya hamwe n-ahandi uzobanza kuzokwerekana ko wicandagishije ikiza ca Covid-19, utaronse urwo rucanco ntuzokwemerwa kwurira indege‟ Niko umuganga Jean Minani amenyesha.

Uwo yigeze kuba umushikiranganji w-amagara y-abantu asaba umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye kujijuka akabona ko atariwe ategerezwa guta igihugu mu manga akihutira gutanga amategeko hamwe n-intumbero y-ukuntu igihugu arongoye cokingirwa ako karanda gahanze isi.

 

Must Read