NEWS

Doudo Diene:‘Abatumva umugambi wo Guhinyanyura ibwirizwa shingiro barabangamiwe’.

on

Umwe mu bakora mu murwi wwa ONU ujejwe gukora amatohoza mu Burundi, Doudo Diene, yaraye amenyesheje ko abatabona kumwe na leta ibijanye n’umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro nk’uko leta ibibona ‘barabangamiqwe no gutotezwa hamwe n’iterabwoba’.

Amakuru yashikirijwe n’abakora amatohoza mu Burundi mu murwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku bijanye n’agateka aka zina muntu, vyerekanywe ko amatohoza yakozwe ku bantu bashika 380 babajijwe hamwe n’ivyabona 500 vyabajijwe mu mwaka uheze.

Ivyo vyashikirijwe n’umurwi wa batatu
bakora amatohoza ku Burundi bagenywe na ONU, batohoje amabi yakozwe mu kwezi kwatanguriye amatora yo guhinyanyura ibirizwa shingiro ku wa 17 Rusama 2018.

Uwo murwi ukora amatohoza mu Burundi ukaba wamenyesheje ko abenshi bahagaritswe bagirizwa ngo gutora OYA canke guhamagarira abandi gutora Oya, harimwo abo mu migambwre itavuga rumwe na Leta y’I Bujumbura.

Uwo mugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ukaba umenyesha ko abantu benshi batazwi bagiye baratorwa ari ibiziga hirya no hino mu gihugu. Abanfdi bakaba bagiye barahohoterwa n’imbonerakure zo mu mugambwre uri ku butegetsi. Iziswe n’uwo mugwi ko ari ‘imashine yo guhama abatavuga rumwe na leta’kuva mu mwaka wa 2015.

Recommended for you