INTERNATIONAL NEWS

Donald Trump Yoba Ahakwa Gukurwa Mu Mabanga Yo Kuba Umukuru w’Igihugu Ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika?

By

on

Mu gihe Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika asanzqwe yagirizwa ko afitaniye imigenderanire yo kuvugana cane n’igihugu c’Uburusiya, Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze ubumwe Za Amerika arakekwa kuba yarabujije Ubutungane bwa Amerika gukora amatohoza yabwo, icaha gituma ashobora kwamburwa amabanga yo kuba umukuru w’igihugu( Destitution canke Impeachment mu congereza), nkuko Ibwirizwa Shingiro rya Amerika ribivuga.

Ni amakuru atuma Donald Trump ashirwa ku mugaragaro. Inyuma yo gukura mu mabanga yo kuyobora Urwego rw’iperereza rwa Amerika FBI( Federal Bureau Investigation), James Comey, hamwe n’ishirwa ahabona ry’amakuru yerekana ko Donald Trump yatanze amakuru y’ibanga ya Amerika ku gihugu c’Uburusiya, ubu ukwikekwa gushasha kuraremereye umukuru w’igihugu.

Donald Trump yagirizwa kuba yarabwiye James Comey, akirongoye FBI, ko yohagarika amatohoza yariko arakorwa ku vyerekeye uwahoze ari umuhanuzi wa Trump mu vy’umutekano w’igihugu, ariwe Michael Flynn, uwatanze imihoho kubera yagirizwa kuba yaragiraniye imigenderanire n’abategetsi b’Uburusiya imbere yuko amatora aba muri Munyonyo 2016. Ukwo kuntu Donald Trump yabujije ko Ubutungane bukora kurashobora gutuma yamburwa amabanga yo kuba umukuru w’igihugu.

Nkuko Ikinyamakuru New York Times kibitangaza, Donald Trump yoba yasavye mu kwezi kwa kabiri 2017 James Comey guhagarika amatohoza kuri Michael Flynn. Donald Trump yabwiye gutya James Comey :” Nizeye ko vyoba vyiza muvyirengagije, mukareka gukurikirana Flynn. Ni Umuntu mwiza. Nibaza ko mwomureka”.

Donald Trump akaba amaze gukora ibintu bitari bike vyotuma yamburwa amabanga yo kuba umukuru w’igihugu, uru rwandiko rworwo rwasohowe na New York Times rukaza rutavyorosha.

Nkuko ibwirizwa Shingiro rya Amerika ryatanguye gushira mu ngiro ivyo kwambura amabanga abakuru b’ibihugu batigenjeje neza mu mwaka wa 1974,Inama Nkuru yabacamanza izokorana kugira higwe ikibazo ca Trump ko yokurwa amabanga.

Urubanza rwo gukurwa mu mabanga rwarabaye ku mukuru w’igihugu yigeze gutwara Amerika yitwa Richard Nixon, muvyiswe Watergate Scandal, ariko Richard Nixon akaba yaciye atanga imihoho hakiri kare ataririrwa aracirwa urubanza.None bigiye kugenda gute kuri Trump? Nivyo kazoza katubikiye.

Recommended for you